Angelina Ndayishimiye avuga ko ata mwana ari musi y’imyaka 18 arekuriwe kwijana mububare atari kumwe n’umuvyeyi wiwe.

Angelina Ndayishimiye Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga ko ata mwana atarakwiza imyaka 18 arekuriwe kwinjira mububare bakanywa inzoga batari kumwe n’abavyeyi babo mu ntumbero yo kugarukana ubuntu mu gihugu.
Angelina Ndayishimiye yabishikirije mu ntara ya kera ya Bubanza mu birori vyo gutanguza icese isekeza ry’imisi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abigeme n’abakenyezi umwaka wa 2024.
Angelina Ndayishimiye yasavye abatowe n’abenegihugu;baburamatari,abashikiranganji guhagurukira kino kibazo.
Agira:”kubona abana bari musi y’imyaka 18 bicara bakanywa ibiboreza batari kumwe n’abavyeyi birababaje.Abatowe n’abenegihugu bakwiye kubihagurukira.”





Recent Comments