UBM News ads

Kuki mutarima kandi mufise amatongo yagutse?-Martin Niteretse

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse aratangazwa n’inyifato y’abanyabururi badashaka kurima bakishinga baturira amashamba gusa kugira baronke imiyonga y’inka zabo gusa.

kubwiwe Leta ntizokwemera ko abarundi bicwa n’inzara hariho abujuje amatongo badashaka kuyarima,bazopfuma bazana abahirimira kuko uburundi ari ubwo abarundi bose ata kwa naka habaho.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu martin Niteretse kuri uwu wa 23 munyonyo 2024 yaragendeye intara ya Burunga Yagutse mukubahimiriza kugira bakure amaboko mu mpuzu barime ivyunguka atari kurya gusa,hamwe nukwijukira ubworozi bw’inkwavu kuko budasaba umutahe mwinshi.

Martin Niteretse yatanganjwe cane n’abanyaburunga cane cane intara yakera ya Bururi badashaka kurima kandi bujuje amatongo yagutse ariko bakarangwa no guturira amashamba barondera imiyonga y’inka zabo.

Martin Niteretse yamenyesheje ko Leta idashobora kwihangana kubera iyo nyifato ahubwo bopfuma bazana abahirimira hama bazoza barabaha ku nkoko kugeza babonye ko bikubise agashi nabo bagakunda kurima.

ikindi nuko hako abarundi bokwicwa n’inzara kandi bamwe bayujuje bidasiguritse na gato kuko Uburundi n’ubwo abarundi bose nta kwa naka habaho.

uwo mushikiranganji yategetse abasitanteri na baburamatari bikingira ikibaba abanyabururi baguma baturira amashamba kubahana neza atakubabarira.inka imwe ifatiweyo ubwo nyene bakarihishwa ihadabu ry’amafranga ibihumbi amajana atatu y’amarundi(300.000fbu).

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments