UBM News ads UBM News ads
Wednesday, July 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ubufaransa bwagiriza uburusiya kuba buriko butuma abanyafrika babwanka.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’ubufaransa , Catherine Colonna yatangaje ko hari ikanguka rikomeje ku mugabane wa Afrika na cane cane muri Afrika y’uburengero rihamagarira ukwanka igihugu c’ubufaransa. Igihugu c’uburusiya nico kirerwa kuba kibifisemwo uruhara runini.

Catherine Colonna yabitangarije mu kiganiro yagiranye n’imboneshakure y’abafaransa France 24, inyuma y’urugendo yagiriye mu gihugu ca cote d’Ivoire ku magenekerezo ya 9 na 10 Kigarama 2022.
Umushikiranganji Colonna yagize ati :”Ivyiyumviro vyo kwanka abafaransa ni ibituruka ku makuru atariyo, ibinyoma na za poropagande zo kuyovya abantu. Ndasaba abakiri bato gufata intumbero yo kudatwarwa no kutaba imfungwa z’abashaka kubayovya”

Uwo munyapolitike w’ubufaransa atangaza ko uruhara rw’uburusiya mu kuyovya abanyafrika rwagaragaye mu gihugu ca Burkina Faso aho abari mu myiyerekano bihereza amabarabara bafise amabendera y’igihugu c’uburusiya , hari inyuma yahoo ubutegetsi bw’ico gihugu bwari buhejeje guhirikwa. Catherine Colonna yagize ati :”Ivyabaye muri Burkina Faso igihe hagaragara amabendera y’uburusiya biraturaba”.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments