Umurwi nserukira gihugu wo mu gihugu ca Maroc , Lions de l’Atlas , uhejeje gutsinda igitsindo kimwe ku busa umurwi nserukira gihugu wo mu gihugu ca Portugal , ni mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ririko ribera mu gihugu ca Qatar. Maroc ikaba iciye ironka itike yo kuja gukina igice ca kabiri gishira icanyuma c’iryo higanwa.
Akaba bubaye ubwa mbere igihugu co ku mugabane wa Afrika gishitse mw’ico gice gishira icanyuma. Ibihugu nka :Sénegal, Cameroun, Ghana na Tunisiya bikaba vyasezeye ayo mahiganwa maze bibura ukwo uburenganzira bwo kubandanya mw’ico gice gishira icanyuma c’iryo higanwa.