UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ubufaransa busaba Leta y’urwanda kuva k’ubutaka bwa Congo no guhagarika gushigikira umuhari M23

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’imigenderanire w’ubufaransa Stéphane Séjourné asaba Leta y’urwanda kuva k’ubutaka bwa Congo no guhagarika infashanyo yose buha umuhari M23.Ubufransa bwiyamiriza kandi amabi ari gukorerwa abanyagihugu bo muri kivu y’uburaruko cane cane abegereye umuji wa Goma na sake.


Kubwo inkuru dukesha i radiyo y’abafaransa “RFI”Ubufaransa bugira buti:«Turarajwe ishinga n’ibiri kubera muri Kivu y’uburaruko cane cane abegereye umuji wa Goma na Sake ku mabi bariko barakorerwa tukiyamiriza kandi ivyaha vyo kugerageza kwiha ubutaka bwa Kongo ku nguvu bikozwe n’umuhari m23 usanzwe ufashwa n’u Rwanda».

Leta y’ubufaransa isaba kandi iyindi mirwi y’abarwanyi iri muri Kongo guharika ibirwanisho vuba bwangu no guhagarika ihohoterwa rikorerwa abanyagihugu igasaba kandi Congo kwitandukanya numuhari FDLR wakoze ihonyabwoko mu rwanda.

Haraciye imisi imirwano isubiye kwaduka hagati y’umuhari M23 na Leta ya Congo aho abanyagihugu benshi bavuye mu zabo.Leta ya Congo yagumye yagiriza urwanda gushigikira Umuhari M23 ariko Leta y’urwanda nayo ikabihana.Naho abanyagihugu ba Kongo bakomeje imyiyerekano yo kwiyamiriza ibihugu vya Burayi n’Amerika ko biri inyuma y’uwo muhari,harakenewe ibiganiro bihuza impande zompi mu buryo bwo gutorera inyishu ikibazo kiri muri Kongo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments