UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abashingamateka ntibatahura igituma abanyamitahe bahunga Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imitahe yinjira mu Burundi yaragabanutse k’urugero rwa 30% bikaba biri mu vyatumye Abashingamateka babaza umushikiranganji ajejjwe ikigega ca Leta Audace Niyonzima kuri uyu wa gatanu igituma abanyamitahe batera bahunga uburundi mu gihe ata ntambara ihari.


Umushikiranganji yabishuye ko igituma abanyamitahe batakiza ari uko ata muyagankuba ukwiye uhari,amabarabara ntayahari ,amazi hamwe na intereneti bidakwiye bituma abanyamitahe bagabanuka ntibahurumbire igihugu.

Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem rihamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama wewe siko abibona.Faustin Ndikumana avuga ko igituma nyamukuru abanyamitahe bahunga igihugu biva kucuka kibi muvy’ubutunzi,ibiturire birangwa mu bisata nka vyose vy’igihugu hamwe n’ubutungane budakingira abanyamitahe.

Leta y’uburundi yagiye ishirwa kurutonde rwa mbere mu bihugu birangwamwo igiturire kw’isi bikaba biri mu vyatumye ata terambere riboneka mu Burundi bikagaragarira ku bategetsi benshi bagiye bavurwamo ama dosiye menshi y’ubunyonyezi butagira izina aho usanga bene kubikora bari munzego zikomakomeye z’igihugu.Leta ikwiye kuhagabira kuko igihugu gishobora kurwa mu manga mu vy’ubutunzi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments