Umushingamateka Agathon Rwasa akaba n’uwurongoye umugambwe CNL avuga ko abapfungwa benshi buzuye mu mabohero bapfunzwe ku karenganyo gusa.N’inyuma yaho uwurongoye umurwi ujejwe agatekaka zina muntu mu Burundi CNIDH yari mu nama nshingamateka gusigura ivyo uwo murwi waranguye mu mwaka uheze. Sixte Vigny Nimuraba avuga ko mu mabohero yose hibonekeza ibitigiri vyinshi vy’abapfunzwe ariko ntiyerekane impamvu zituma baba benshi. Agathon rwasa akaba anegura ico cegeranyo avuga ko benshi bapfunzwe bahorwa ubusa.Rwasa atanga akarorero k’abanywanyi b’umugambwe CNL buzuye mu mabohero bariko bazira ubusa kandi ata caha bakoze.

Agathon Rwasa agira ati:«ubwa mbere turavye ibitigiri vy’abapfunzwe biragaragara neza ko umenga mu Burundi twihutira gupfunga gusumba guha ubutungane ababukeneye.muri abo bantu benshi bapfunzwe usanga bapfunzwe kubera amarementanya ,umuntu akagirizwa ibirwanisho kubera irementanya kandi atavyo batoye agahera mu munyororo.abandi ugasanga bapfunzwe kandi barejejwe na sentare.ikindi gituma hibonekeza ivyo bitigiri n’imvo za politike aho usanga nk’abanywanyi b’umugambwe CNL bapfungwa ataco bazira kubera gusa ari aba CNL.bikaboneka ko hari ikibazo hagati y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’umugambwe CNL».
Leta y’uburundi irakwiye gutorera umuti ikibazo kirangwa mu bucamanza aho usanga hariho abantu bivanga mu bucamanza kubera igihagararo bafise mu nzego z’igihugu bagatera ubwoba abacamanza ntibigenge mu mwuga wabo ugasanga baciye izangondegonde maze abantu bagahera mu buroko bahorwa ubusa.





Recent Comments