Ubudasa hagati y’inyubakwa muri ‘Reta mvyeyi’

0

Mu gihugu c’Uburundi, abaihweza ibintu n’ibindi barabona ubudasa cake itandukanirp rinini cane hagati y’inyubakwa zimwe zimwe zaba iza reta canke izabigenga hamwe n’izindi nyubakwa zitwa ko ‘zisanzwe’.

Uravye ingoro zibiri z’umugambwe CNDD-FDD umaze imyaka 15 ku butegetsi usanga yakaka ugereranije n’inyubakwa zimwe zimwe z’amashure arera abene Burundi aribwo Burundi bw’ejo.

Ingoro z’imigambwe za CNDD-FDD zo mu gisagara ca Bujumbura zirakaka cane ku buryo zatwaye amamiliyaridi y’amafaranga.

Ingoro y’umugambwe nk’akarorero ya Kayanza irakaka cane ku buryo yatwaye amamiliyaridi, ariko ayo mahera akaba yari kwubaka ibitaro hamwe n’amashure vy’intara.

Muvyo Reta mvyeyi na reta nkozi ikwiye kugarukira irakwiye kuraba uko imiryango imwe imwe ibayeho mu Burundi nk’abatwa usanga bakiba mu nzu z’ivyatsi.

None ubwo iyo reta mvyeyi izobandanya yitaho kwubaka inyubakwa zakaka zikoreshwa rimwe mu ndwi canke mu kwezi aho kugarukira Abarundi babayeho nabi kandi bataba mu nzu zisakaye neza?