Ibihugu vy’Uburundi na Kongo bigiye kurwaniriza umwansi hamwe

0

Mu mubonano ibihugu vy’Uburundi na Kongo vyakoze, hashitsweko ko hagiye gushirwaho umugambi wo kurwaniriza umwansi hamwe na cane cane abarobeli babarizwa ku butaka bw’igihugu ca kongo mu buseruko.

Bikagaragara ko ivyo bihugu vyumvikanye ko hashirwaho ‘umwumvikano wa bose'(Memorandum d’entente) kugira bashobbore kurwanya imirwi irwana ibangamira amahoro n’umutekano vy’Uburundi na Kongo.

 

 

Muri uwo mwumvikano kandi hakaba hariho umugambi wo gushiraho ingabo zicunga umutekano ku mbibe z’ivyo bihugu nko ku ruzi Rusizi rugabura ivyo bihugu mu burengero bushira uburaruko bw’Uburundi.

Muri uwo mwuvikano kandi hariho umugambi wo guhanahana amakuru hagati ya reta ya Ndayishimiye na reta ya Tshisekedi kugira bashobore kurwaniriza umwansi hamwe.

Mwomenya ko ibihugu vy’Uburundi na Kongo bibangamiwe cane n’imirwi icumbitse mu ntara ya Kivu y’amajepfo yama yinjiye igakora ibitero mu ntara zimwe zimwe z’Uburundi na Kongo aho iyo mirwi yibasire ubwoko bunaka mu ntara ya Sud Kivu.