Intamba m’Urugamba zaraye zitsinze Taifa Stars

0

Urwo rukino rukaba rwabaye kur’uyu w’Imana mu gihugu ca Tanzaniya ku kibuga bitiriye Mkapa Stadium mu gisagara ca Dar es Salam. Abakinyi b’Intamba m’Urugamba bakaba batondetswe n’umumenyereza mfatakibanza yitwa Jimmy Ndayizeye.

Umukinyi Saidi Ntibazonkiza akaba ariwe yinjije ico gitsindo kimwe c’Intamba m’Urugamba kumunota wa 82 urukino rugira rurangire. Uwo mukinyi akaba yahora mu bihano vyo kutumvikana n’abarongozi b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru m’Uburundi.

Ukaba wabaye umunezero mwinshi kur’uyu w’Imana m’Uburundi hamwe n’abarundi bari mu gihugu ca Tanzaniya aho urwo rukino rwariko rurabera hamwe n’abarundi bari mu mahanga nkuko biboneka ku mbuga ngurukana bumenyi nyinshi zabo barundi. Eka n’umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye, akaba yarakeje Intamba m’Urugamba kur’iyo nstinzi.

Urwo rukino rukaba rwari urwa kivandimwe rutegura mahiganwa y’igikombe ca Afrika. Umumenyereza Olivier Niyungeko akaba nawene aho yari yaraye agiye kuragana n’umukenyezi wiwe mw’isengero yarakeje Intamba m’Urugamba. Akaba yabaye umumenyereza wambere yashikanye Intamba m’Urugamba mu mahiganwa yanyuma y’’igikombe ca Afrika mu mupira w’amaguru.