Ububirigi bwobazwa cane ivyerekeye urupfu rw-umuganwa RWAGASORE (Umwanditsi Ludo de Witte)

0

Igihugu c-ububirigi nico cobazwa ivyerekeye igandagurwa  ry-umuganwa atari umugani RUDOVIKO RWAGASORE. Bikaba bishikirizwa na Ludo de Witte , umwanditsi w-umubirigi aheruka gusohora mu kwezi kwa Nyakanga uy-umwaka igitabu kijanye n-uruhara igihugu c-ububirigi gifise ku rupfu rwa RWAGASORE.

Mw-ico gitabu, uwo mwanditsi yarashize ahabona ivyemeza ko igihugu aturukamwo cagize uruhara runini m-urupfu rw-iyo ncungu yarwaniye ukwikukira kw-uburundi. Uwo mwanditsi atanga akarorero k-amanama atatu yabaye y-abategetsi batandukanye b-ubukoloni imisi mike inyuma y-amatora Rwagasore ayatsinze.  Nkuko abandanya abisigura uwo mwanditsi, mu nama igira gattu, uwara ahagarariye ububirigi mu Burundi niwe yazanye iciyumviro co kugandagura Rwagasore maze kica gishigikirwa n-abagenzi we.May be an image of 1 person and brick wall

Ludo de Witte amenyesha kandi ko muri Ruheshi 1962, imisi mike imbere yuko uburundi bwikukira , umushikirizamanza w-umwami  w-i Bruxelles , Reymond Charles ubwiwe yashikirije ko ububirigi bufise uruhara ruboneka mw-igandagurwa rya Rwagasore. Kubw-uwo mwanditsi ngo ntivyumvikana  ukuntu uwarashe iyo ncungu yo kwikukira yaciye anyongwa  bidatevye. Aandanya asigura ko  igihugu c-ububirigi gitegerezwa kwemanga ingaruka zose zakurikiye  inyuma y-urupfu rwa Rwagasore.