Uwuserukira OMS mu Burundi ahamagarira abarundi bose kwiteza incanco za Covid-19 ata bwoba.

0

Inyuma yaho incanco zo gukinga umugera wa Covid-19  zishikiye i Burundi kuri uyu wa kane, Uwuserukira OMS mu Burundi arahumuriza abarundi ko izo ncanco zemejwe  n-ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y-abantu OMS,ko ikindi zofatwa  nk-izindi ncanco  zose gushika ubu zizwi kw-isi. Uwo aserukira OMS mu Burundi nikwo guca ahamagarira abarundi ko boja kwiteza izo ncanco ata bwoba.Image

Crespin Xavier aserukira OMS mu burundi  igihe izo ncanco zashika ku kibuga c-indege ca Bujumbura yavuze ati:

ˮNi ibirori twari turindiranye igishika nkuko mu bizi , twakiriye incanco kugira dutangure gukingira abanyagihugu . Turanezerewe rero . Rero nashaka kumenyesha abarundi n-amakungu  ko urucanco twakiriye rwamaze kwemerwa  n-ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y-abantu kw-isi OMS . Ni urucanco rwo gufasha nk-izindi zose zihasanzwe. Ziri no mu ncanco zisanzwe zizwi ko zikora neza zidufasha kurwanya umugera wa coronavirus.  Nashaka guhimiriza abarundi bose  ndababwira ko urucanco rwizewe  kandi rufasha. Nkaca mpamagarira abarwipfuza bose kudakekeranya bazoze barwiteze‟

 Uwo aserukira OMS mu Burundi arashimira abategetsi b-uburundi kubona bagondojwe bakemera ko urwo rucanco rushika mu gihugu

ˮ Nsinoreka gushimira abategetsi b-uburundi ku rwego rwo hejuru  mu mwitwarariko wabo wo kurwanya ikiza ca Coronavirus‟  Niko Crispin yavuze.