Thursday, June 8, 2023
HomeUbutunzi"Ubu idorare rya Amerika urironka ku mafaranga 4250 nahone bitoroshe" bivurwa n’umwe...

“Ubu idorare rya Amerika urironka ku mafaranga 4250 nahone bitoroshe” bivurwa n’umwe aba mu gisagara ca Bujumbura.

Ikibazo co kuronka amafaranga y’agaciro mu gisagara ca Bujumbura casubiye kuba akananira abahinga . Bamwe mu banyagisagara ca Bujumbura bavuga ko uretse ko iryo faranga ry’idorare ryaduze ku rugero ruri hejuru cane, ngo niyo bagiye kurirondera ntibashobora kurironka.

Umwe mu banyagihugu twavuganye aba mu gisagara ca Bujumbura ariko yitegura kurungika umwana wiwe kwiga hanze y’igihugu agira ati:”Leta niyemange ku mugaragaro ko yananiwe n’ibi vy’amafaranga mva makungu. Ubu idorare rya Amerika urironka ku mafaranga 4250 nahone bitoroshe. Ejo niriwe mu gisagara ca Bujumbura harya havunjira abavunjayi nukuri narazungurutse hose mbaza idorare kugira ndungike umwana wanje kwiga muri Canada ariko narahebuye. Birya vyaciye ku maradiyo no ku mbuga ngurukanabumenyi ko ubu idorare ari ibihumbi bitatu , sivyo! sivyo! Nahavuye ndonka umuvunjayi arimpa ku 4250 nahone mbanje kumwinginga ndanamupfukamira ko umwana wanje acerewe kwiga”

Uyundi munyagihugu yatubwiye ati :”mbere ubu barandikako birya vya 3000 canke 3200 barabimanika kuri arya mazu yo kuvunja mugabo ugiye ubabwira ko uje kugura idorare ntibaguha , mugabo ubabwiye ko urizanye nukuri bakwakiriza yompi bakumvunjira ku 4200″

Ivyo bishitse mu gihe kuwa 28 Ndamukiza 2023, Ibanki nkuru y’igihugu yari yafashe ingingo zituma amafaranga y’agaciro aboneka bitagoranye kandi ku giciro kiri hasi biciye mu gutanguza isoko izohuza amabanki mu kudandaza ayo mafaranga y’agaciro ariko biraboneka ko iyo ngingo ya BRB isa niyitariko ija mu ngiro. Abize ivy’ubutunzi bobo babona ko ingingo Leta iza ifata kuvyo ukwo ayo mafaranga yoza avunjwa ataco zizofasha na gato ko ahubwo ikizotuma amafaranga mvamakungu aba menshi mu gihugu ari umwimbu ushimishije igihugu kizoza gishorera hanze.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...