Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeInternational newsLeta zunze ubumwe za Amerika yagiriza Afrika y’epfo guha ibirwanisho uburusiya.

Leta zunze ubumwe za Amerika yagiriza Afrika y’epfo guha ibirwanisho uburusiya.

Leta zunze ubumwe za Amerika yagiriza Afrika y’epfo guha ibirwanisho uburusiya.Leta zunze ubumwe za Amerika iragiriza igihugu ca Afrika y’epfo guha ibirwanisho n’amasase uburusiya. Ni inyuma yaho Afrika y’epfo imaze igihe yerekana ko ataho ihengamiye mu ntambara y’uburusiya na Ukraine.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa Kane, Uwuserukira Amerika muri Afrika y’epfo yagize ati :”Turazi neza ko Afrika y’epfo yarungikiye uburusiya ibirwanisho n’amasase” .

Ambasaderi Reuben Brigety akavuga ko ivyo birwanisho vyagiye mu bwato bunini butwara imizigo, ngo ubwo bwato bwapakiye ivyo birwanisho bwinyegeje mu cambu ca gisirikare citwa Simon’sTown hafi ya Cap Town, hari guhera kw’igenekerezo rya 6 gushika kurya 8 Kigarama 2022. Kubwa Ambasaderi Brigety, guha ibirwanisho uburusiya ni ikibazo “giteye amakenga cane”

Ubwo bwato bw’uburusiya bwateye kandi amakenga n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Afrika y’epfo . Mu kwezi Nzero,imwe mw’iyo migambwe yatangaje ko hari ubwato butazwi buri mu cambu ca Simon’s Tow. Ariko Leta ntaco irigera ibivugako gushika ubu.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments