UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Leta y’uburundi yipfuza ko mu myaka iri mbere ata murundi ari hanze yoba akicitwa impunzi ahubwo yitwa umu “diaspora”.

UBM News ads

Leta y’uburundi yipfuza ko mu myaka iri mbere ata barundi bari hanze y’igihugu boba bakicitwa impunzi ko ahubwo boba bitwa aba “diaspora”. Leta y’uburundi iripfuza kandi ko impunzi zose z’abarundi aho ziri hose kw’isi kwiyandikisha kugira zitahuke zize kwifadikanya n’abandi mw’iterambere ry’igihugu. Vyashikirijwe kuri uyu wa 12 Rusama 2023 mu ntara ya Gitega igihe hasozerwa inama igira 23 y’umurwi w’inyabutatu wo gutahukana impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya zivyishakiye.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Ninteretse yari yaserukiye Leta y’uburundi mw’iyo nama yavuze ko ubushikiranganji arongoye bugiye kugendera impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya kugira bazihimirize zitahuke bongere bazibwire ivyiza biri mu gihugu c’uburundi hamwe n’inzira uburundi buriko burafata mu nzira y’iterambere kugira batahe kwifadikanya n’abandi.

Martin Ninteretse agahamagarira rero izo mpunzi z’abarundi aho ziri gutahuka kugira bajane n’abandi mw’iterambere ry’igihugu. Ubwo bushikiranganji bukipfuza ko mu myaka iri mbere ata murundi yoba akiri impunzi. Abari hanze y’igihugu ngo boba bitwa aba “diaspora”.

Naho umushikiranganji Martin Ninteretse ahamagarira impunzi z’abarundi na cane iziri mu bihugu vyo mu karere guhunguka, Abaserukira abandi mw’izo mpunzi baheruka kwandikira umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye zimusaba ibintu umunani yokora kugira impunzi ziri mu bihugu vyo mu karere zihunguke. Muri ivyo basavye, harimwo ivyo gukwirikiza urubanza rwaciwe na sentare ya Afrika y’ubuseruko ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza, ikiringo catumye bahungira mu bihugu bitandukanye vyo mu karere. Ikindi muvyo izo mpunzi zasavye Prezida Ndayishimiye harimwo ko ubutungane bukwirikirana abakoze amabi y’ubwicanyi bw’agahomerabunwa kuva mu 2025 hamwe n’uko impfungwa zose za politike zirekurwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments