UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

u Rwanda ruributsa ko rwagumye rusaba Leta y’u Burundi ngo iburungikire abarundi bagize uruhara muri jenoside ariko ngo yagumye yica amatwi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y’urwanda iributsa Leta y’uburundi ko yagumye isaba incuro nyishi ngo iyirungikire abarundi bagize uruhara muri jenoside yakorewe abatutsi mu 1994 ariko ngo yagumye yica amatwi kw’ico kibazo. U Rwanda rukibaza rero igituma rworwo rutaciye rwihutira gupfunga imipaka nkuko Leta y’uburundi iherutse kubikora yagirije ico gihugu ko arico gicumbikiye abahungabanya umutekano mu Burundi.

Mu kiganiro Alain Mukuralinda, icegera c’umuvugizi wa Leta y’urwanda yahaye abamenyeshamakuru mu ndwi iheze, yagize ati :«Tumaze gusaba Leta y’uburundi incuro zirenga 15 abo bantu batwiciye abantu mu 94 kugira ngo tubacire urubanza ariko ubutegetsi bw’uburundi bwagumye bwica amatwi. Ivyo ntivyatumye imipaka tuyugara»

Si ubwa mbere uburundi bwugaye imipaka ibuhuza n’urwanda. Mu 2015, rwayugaye rwagiriza u Rwanda kuba rwaragize uruhara mu mvururu za politike zatewe n’ukwitoreza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza. Ico gihe, U Burundi nahonyene bwaremeje ko u Rwanda ruhaye indaro abarurwanya., ivyagiriji ariko igihugu c’urwanda cahakanye akatari gake.

Mu mwaka wa 2022 mu kwezi kwa Gitugutu niho imipaka ihuza ivyo bihugu vyompi yasubira kwugururwa. Gutyo icuka kigenda gisubira kuba ciza ku buryo abategetsi b’uburundi n’urwanda bagenderaniye inyuma y’igihe kinini bari barabana ay’ingwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments