UBM News ads UBM News ads
Sunday, June 16, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

RWASA aragabishwa kuzokwemanga inkurikizi zose zizova mu kwiyunga n’inani zivuga ko ziharanira amasezerano ya Arusha.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushingamateka Agathon RWASA akaba n’umukuru w’umugambwe CNL aragabishwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ninteretse kuzokwemanga inkurikizi zose zizoterwa n’uko umugambwe CNL wiyunze n’inani za polilitike ziheruka gutangaza ko zigiye guharanira inagurwa ry’amasezerano ya Arusha. Mu rwandiko Martin Ninteretse yarungikiye umukuru w’umugambwe CNL kuri uyu wa 17 Nzero 2024, yamumenyesheje ko urwo runani rugizwe n’imirwi y’iterabwoba.

Mu ntango z’uku kwezi kwa Nzero, inani za politike zigizwe n’imigambwe harimwo umugambwe CNL, abanyepolitike ku giti cabo, amashirahamwe barandikiye urwandiko abakuru b’ibihugu vy’akarere, Perezida Joe Biden wa Leta zunze ubumwe za Amerika, Perezida wa Afrika y’epfo Cyrille Ramaphosa, umunyamabanga wa EAC, Umukuru w’ubumwe bwa buraya aho basavye ko vyihuta yuko amakungu agarukira amasezerano ya Arusha, amasezerano izo nani zivuga ko yagiye arahonyangwa kuva mu 2005 umugambwe CNDD-FDD ushitse ku butegetsi, na cane cane mu 2025 aho Umuhisi Perezida Nkurunziza yitoreje ikiringo ca gatatu, urwo runani ruvuga ko cari gitandukanye n’amategeko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments