UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Leta y’uburundi imenyesha ko igiye kurondera ibindi bihugu vyinshi yorungikamwo urwaruka kuja gupagasa.

Leta y’uburundi ngo igiye kurondera ibindi bihugu vyinshi yorungikamwo urwaruka gupagasa . Biheruka gushikirizwa n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu hari mu nama nshingamateka igihe yariko abazwa ibibazo n’abashingamateka . Albert Shingiro asigura kandi ko ari umugambi winjiriza neza igihugu.

Albert Shingiro yagize ati :«Twatanguye kurungika abambere itarike 17 z’ukwezi kwa gatanu , ubu rero bamaze kurenga 3000. Umugambi waruhari , ni umugambi wokuzorungika abashika ibihumbi 75 nko mu myaka ibiri canke ine. Harashobora gushika umwe canke uyu ashobora kugira ingorane n’umukoresha ariko ivyo ntibishikira bose (…) hari amahera menshi amaze kwinjira mu gihugu, iyo umukozi umwe agiye mu gihugu ca Arabiya Saoudite , umukozi umwe wese amahera ajanye, vyose ibikenewe vyose ashika amadorare 1400 yinjira ku muntu. Muca muharura ayamaze kwinjira. Turiko turagirana ibiganiro n’ibindi bihugu hariho igihugu ca Omani, Qatar twarahejeje , hariho igihugu ca Cjordani, hariho ibihugu vyinshi turiko turakoranira amasezerano nka bene ayo kugira urwaruka rudafise akazi rushobore kuja kwisumamwo hanze».

Ivyo umushikiranganji Albert Shingiro yabivugiye mu nama nshingamateka ku musi wa gatanu aho yari umutumire.
Albert Shingiro akaba kandi yarabajijwe igituma uburundi bwihuse kwugara imipaka yabwo ihana urubibe n’urwanda kandi ata cuka kigaragara c’uburundi n’urwanda kihari nkuko gihari kuri Congo n’urwanda. Akaba yishuye ko igihugu cose gifise ubwigenge, ingene gipanze n’ingene citunganije ko atawuzi rero igituma Congo itarugara imbibe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments