Tatien Sibomana asaba ko Umurwi CVR ukoresha ubuhinga bugezweho kugira hamenyekane abishwe 1972.

0

Umunyepolitike Tatien Sibomana asaba ko umurwi ujejwe kumenya ukuri hamwe no kunywanisha abarundi CVR warukwiye kuronderera ukuri abarundi bose ataho uhengamiye. Kubwa Tatien Sibomana, hakenewe abahinga bamenya neza ibisigarira bitorwa umwaka biba vyariciwemwo kuko abagize umurwi CVR ata buhinga bukwiye bafise bwo kumenya abo bantu ryari bapfuye.IWACU English News | The voices of Burundi – Politicians diverge on message  delivered by Catholic Bishops

ˮvyari vyiza koko uwo murwi ukora kugira abarundi tumenye ivyabaye na cane cane abarundi dufate intumbero yo kunywana. Muga rero, ivyo turiko turabona, uwo murwi siko uriko urabikora, akarorero , ni uku kuvuga ko aho basanze abantu bahambwe mu binogo baca berekana ko ari abo mu bwoko bw-abahutu tukaba tuziko mw-uwo murwi atabahinga bariho  bazi kwerekana igufa aho baritoye ari iry-umuhutu canke iry-umututsi  canke bazi kwerekana ko iryo gufa ariryo mu mwaka w-1972, 1965, 1969, 1987,1993,…. Mu gihe ivyo vyose batabifitiye ubumenyi canke ubuhinga , urumva ntaco bariko barafasha abarundi. Ibikorwa vyose bariko bariko barakora n-ivy-intumbero ya politike , biraboneka neza ko bariko bashimisha umugambwe uri k-ubutegetsi CNDD-FDD‟ Niko Tatien Sibomana avuga.

Ico ciyumviro ca Tatien Sibomana gihurizwako n-umukuru w-umugambwe RANAC Aloys Baricako, aho avuga ko umurwi CVR wokoresha ubuhinga bwa Carbone14 hamwe na ADN kugira hamenyekane abo baba baritavye Imana hamwe n-umwaka baba barapfiriyeko.