Ibitigiri vy-abanduye Covid-19 vyaraduze cane i Bujumbura hamwe no mu bindi bisagara-Dr Thadée Ndikumana.

0

Mu kiganiro yahaye kuri uyu wa kane abanditsi n-abamenyeshamakuru, Umushikiranganji w-amagara y-abantu hamwe no kurwanya SIDA, umuganga Thadée Ndikumana yamenyeshe ko indwi ya mbere y-ukwezi kw-icenda yerekanye ko ibiharuro vy-abandura  Covid-19 vyaraduze  cane cane mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu bindi bisagara.May be an image of 1 person

Mw-ico kiganiro,Umuganga Thadée Ndikumana yongeye aramenyesha ko ata bitaro na bimwe vyaba ivya Leta canke ivy-abikorera utwabo birekuriwe  kurihisha amafaranga yo gupima umugera wa Covid-19  canke imiti  kuko itangwa na Leta.

Mu kurangiza, Umushikiranganji w-amagara y-abantu no kurwanya SIDA arongera akamenyesha ko imanza zihuza abantu benshi zogabanywa kugira ikiza ca Covid-19 gikingirwe bikomeye.