Tanzaniya= Umuhungu w-umuhisi Perezida Magufuli amenyesha ko nyina wiwe akirwaye kuva aho se apfiriye.

0

Inyuma yo kutaboneka kuruwu w-Imana mw-ihuriro ry-abayobozi b-amadini n-amashengero mu rwego rwo kwibuka Dr John Pombe Magufuli no gusengera abayobozi bashasha, umupfasoni w-umuhisi Perezida Magufuli Janet Magufuli ntamerewe neza kuva aho umucance wiwe yitabiriye Imana ubu ariko afata imiti kugira arabe ko yotora mitende.Janet Magufuli wails uncontrollably as husband's body arrives for funeral  mass

nk-uko vyamenyeshejwe n-umuhungu wiwe  Joseph Magufuli mw-iryo huriro ry-ejo hahise. Yamenyesheje uku˸ˮ Naje mpagarariye umuryango , mama wacu ntabwo yashoboye kuza mw-iki kibanza bitewe n-ukwo afise ikibazo c-amagara yiwe yahungabanye inyuma y-urupfu rwa papa wacu , ariko arabashimira cane kandi abatanzaniya bose arabakunda mwese, abakuru b-amadini mwaratufashije cane muri ibi bihe twahoramwo bikomeye‟

Uwo afatwa nka Samurarwa mu muryango w-uwo yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya yaraye  ashimimiye cane Perezida mushasha Samia Suluhu Hassan kubona yitabiriye ico gikorwa ciza co kwibuka ivyiza se yakoreye igihugu no kubona bababaye hagufi mu bihe vyari bigoye igihe babura se wabo.

Tubibutse ko umuhisi Perezida Magufuli yashengeye kuwa 17 Ntwarante 2021  bitumwe n-ingwara y-umutima yaramaranye imisi.