UBM News ads

CIBITOKE= Abasirikare babiri barakomeretse cane n-abandi bataramenyekana boba bahasize ubuzima i Mabayi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kubw-amakuru aturuka mu kibira ca Mabayi ndetse akanemezwa n-ikinyamakuru Sos Medias Burundi nuko habaye ugutana mu mitwe kuruwu wa gatandatu hagati y-igisirikare c-uburundi be n-umurwi w-abitwaje ibirwanisho uvuga ikinyarwanda usanzwe umaze igihe ucumbitse mw-ico kibira. Mu gihe uwo murwi uvuga ikinyarwanda warurenganye niho waca uhura n-abasirikare b-uburundi bari mu bikorwa vyo gukizura baca batana mu mitwe, ibikoho bikomakomeye bica bitangura kwumvikana ivyanateye ubwoba abanyagihugu bo mw-utwo turere batuma batarara mu mazu yabo kugutinyirira umutekano wabo.L'armée burundaise aux prises avec des rebelles rwandais à Mabayi

Amakuru yo kwizera aturuka mu gisirikare  c-uburundi co mw-ako karere yemeza ko abasirikare batari bake boba barahasize ubuzima ˮ ntitwashoboye guharura ibiziga ‟bivurwa n-ayo masoko yo mugisirikare.

Abanyagihugu bo k-umusozi wa Gafumbegeti babonye ukwo abasirikare babiri bari bakomerekeye mw-iyo mirwano bavanywe mu Kibira bameze bemeza ko  bari indembe ntibashobora kuvuga n-ijambo na rimwe ikitibagiwe  ntibashobora kwihagurutsa aribonyene . N-abagenzi babo bari babari hafi vyaraboneka ko bari barushe cane, niho haca haza imodokari ije kutora abo bakomeretse ica ibatwara mu bitaro bimwe vyo mw-ako karere.

Tubibutse ko vuba atarikera  haheruka kuba imirwano ikomeye mw-ako karere yahuza igisirikare c-uburundi be n-ic-urwanda .Ni mu gihe ico gisirikare c-urwanda cariko kirakwirikirana iyo mirwi bivurwa ko irwanya ubutegetsi bw-rwanda yari ihejeje gutera ico gihugu nikwo guca ihunga isubira i burundi mw-ishamba rya kibira aho icumbikiye mu kiringo kitari gito bica biba ngombwa ko igisirikare c-urwanda kishika k-ubutaka bw-uburundi  naho impande zose zitashimye kubitangaza . Hoba haciye haba urunani rugizwe n-igisirikare c-uburundi be n-iyo mihari irwanya u Rwanda baca batana mu mitwe n-igisirikare c-u Rwanda aho hoba hononekariye vyinshi k-uruhande rw-urunani rugizwe n-igisirikare c-uburundi be n-iyo mihari irwanya u rwanda.

 

 

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments