UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Tanzaniya: Perezida Samia avuga ko igihugu ciwe kiriko cakira abanyamitahe benshi bahunga igihugu kibanyi kubera iduzwa ry’amakori n’amatagisi.

UBM News ads

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya amenyesha ko igihugu arongoye kiriko cakira abanyamitahe benshi bahunga igihugu kibanyi kubera iduzwa ry’amakori n’amatagisi riheruka gukorwa na Leta y’ico gihugu atashimye kuvuga izina. Abatari bake baciye babona ko ari igihugu ca Kenya yavuze kuko kiriko gica ubu mu bihe bikomeye mu vy’ubutunzi aho bigiye kunyurwa n’iduzwa ry’amakori n’amatagisi biheruka gushingwa na Leta ya kenya.

Kuwa 16 Mukakaro 2023 igihe Perezida Samia suluhu Hassan yariko yifadikanya n’abapfasoni bo mw’idini rya isiramu baba mw’izinga rya Zanzibar mu guhimbaza umwaka mushasha wabo , yagize ati :«Abarwizatunga bariyongereye muri Tanzaniya. (…) Hagati yo mu kwezi kwa Rusama na Ruheshi , twarakiriye abarwizatunga benshi tutari bwigere tubona. Nkuko muca mubibona , imvo iriko ibatuma baza iwacu n’uko inzu y’umubanyi wacu iriko irasha».

Kubwa Perezida Samia, ngo abanyamitahe ntibashobora kuguma mu kibanza kitaborohereza ndetse kinahungabanya ubutunzi bwabo. Akaba ariyo mpamvu yasavye abanye tanzaniya kubumbatira amahoro kuko ariyo baza bisunga.
Tubamenyeshe ko iduzwa ry’amakori n’amatagisi mu gihugu ca Kenya niryo ririko rituma haba imyiyerekano yo kwiyamiriza ubuzima buzimvye mu gihugu yahamajwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa perezida William Ruto.

Nkuko tubikesha ikinyamakuru The Eastafrican co mu gihugu ca Kenya, amwe mu makori yadugijwe muri ico gihugu ni nk’iritozwa ku gitoro aho ryirwije incuro ku bice 16% hamwe rero n’ikori ry’uburaro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments