Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeInternational newsKenya: Uhuru Kenyatta avuga ko avuye mu gacerere kugira arwanire umuryango wiwe...

Kenya: Uhuru Kenyatta avuga ko avuye mu gacerere kugira arwanire umuryango wiwe uriko utotezwa na Leta ya Ruto.

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Kenya,Uhuru Kenyatta yagiriza Perezida William Ruto yamusubiriye ku butegetsi ko ariko atoteza umuryango wiwe ko rero igihe cageze kugira awurwanire. Perezida Kenyatta akaba yamenyesheje ko Perezida Ruto yohangana nawe kuko ata bwoba afise muga areke guhangana na nyina wiwe yisaziye co kimwe n’abana biwe ataco bariko bazira. Uhuru Kenyatta yabitangaje kuri uyu wa gatanu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Ni ikiganiro yatanze inyuma yaho ejo bundi Leta ya Kenya ifatiye ingingo yokwaka abacungera umutekano nyina wiwe Mama Ngina yaramaranye imyaka itari mike bamucungera umutekano. Mu mezi aheze naho , abantu baje bitwaje ibihiri n’imipanga bivurwa ko barishigikiwe n’ubutegetsi barateye rimwe mw’itongo ryarimwo iraro ry’intama rya Uhuru Kenyatta maze batema ibiti vyari mw’iryo tongo ndetse banagenda bivye ibitungwa bitari bike vyari mw’ico kibanza.
Uwo yahoze arongoye Kenya yaramaze igihe mu carere yaraye atangaje ko ubu igihe cageze kugira atangure kuvuga no kurwanira umuryango wiwe , umaze igihe ugabwako ibitero na Perezida Ruto hamwe n’abamushigikiye.

Ikindi Perezida Uhuru Kenyatta yaraye ateye ivyatsi ni ikijanye n’ibikorwa vyakozwe n’inzego z’umutekano aho zasatse urugo rw’umuhungu wiwe ruri muri karitiye ya Karen, ni mu gisagara ca Nairobi. Kenyatta agasaba Perezida Ruto guhagarika kuburabuza umuryango wiwe. Uhuru yagize ati:« Ndi mu bihe aho urugo rw’umuhungu wanje rwasatswe n’igipolisi.Nyimba ushaka jewe nuze ntaco niyagiriza. Kuberiki uriko utera ubwoba umu mama w’imyaka 90 canke abana?»

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments