Thursday, March 30, 2023
HomeInternational newsTanzaniya: Perezida Samia avuga ko hari bimwe mu bihugu vyo muri EAC...

Tanzaniya: Perezida Samia avuga ko hari bimwe mu bihugu vyo muri EAC bimaze kumusaba ubufasha bw’amafaranga y’agaciro.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya avuga ko igihugu ciwe cifashe neza muvy’ubutunzi agereranije n’ibindi bihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko . Perezida Samia Suluhu Hassan yongera akavuga ko hari bimwe mw’ivyo bihugu ariko atavuze izina bimaze kumusaba ubufasha bw’amafaranga y’agaciro kugira bikunde ko biguma bironka igitoro.

Ariko yifatanya n’abakenyezi bo muri Tanzaniya mu guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, Perezida Samia Hassan yavuze ati :”Ntimubeshwe , muvy’ubutunzi twifashe neza muri kano karere ka Afrika y’ubuseruko.Twifashe neza kurusha ivyo bindi bihugu vyose.Ibindi bihugu bihangayikishijwe n’ubukene bw’amafaranga mvamakungu. Twebwe turafise ayakenewe mu mezi ane ari imbere. Genda murabe hiyo mu babanyi , nay’indwi iri imbere ntayo bafise”

Perezida Samia arongera ati :”Baguma badusaba ngo tubafashe “garantie” bikunde ko baronka igitoro. Twarababwiye ko bidakunda natwe dufise ibibazo . Ariko ubutunzi bwacu bwifashe neza”
Uwo arongoye igihugu ca Tanzaniya agashimira umurindi abanyatanzaniya bariko muvy’ubutunzi no mw’iterambere ndetse akanabasaba kutadebukirwa canke ngo basamare kugira igihugu kibandanye gihagaze neza.

Must Read