Umugambwe w’abadasigana UPRONA uvuga ko ufise amakenga ko igihugu kizohava gisubira mu ntwaro ishingiye ku bwoko bumwe. Olivier Nkurunziza arongoye uwo mugambwe abivuga afatiye ku kuntu abarongoye inzego zitandukanye usanga ziharijwe n’ubwoko bumwe.
Mw’ihuriro ry’imigambwe yemewe mu Burundi bemeza ko atabwoko bwiharije mu burongozi bw’ibisata bitandukanye vy’igihugu. Felicien Nduwuburundi arongoye iryo huriro akavuga ko ata biharuro bafise vyerekana ubwo busumbasumbane . Akibutsa ko ikibazo c’ubwoko mu Burundi caheze.
Uwurongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA agasaba ko ivyo bintu vyo kwigwako kugira ntibisubize inyuma ingendo ya demokarasi.
Tubibutse ko amasezerano ya Arusha yo mu 2000 yategekanya ko mu nzego za Leta ubwoko bw’abahutu bworonka ibice 60% nayo ubwoko bw’abatutsi bugahabwa 40%. Mu nzego z’umutekano naho abahutu n’abatutsi bakanganya ni ukuvuga ibice 50%ku bwoko bwose. Bikaba vyemejwe ico gihe kugira abarundi bose basabikanye kuyobora igihugu ata bwoko bukumiriwe nkuko vyari bimeze muri kahise.
Recent Comments