Thursday, March 30, 2023
HomeNewsIgipolisi c’uburundi nico kiriko gikora impapuro z’inzira kuva mu 2021 kuko basanze...

Igipolisi c’uburundi nico kiriko gikora impapuro z’inzira kuva mu 2021 kuko basanze nacone gishoboye (Martin Ninteretse)

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko ubu impapuro z’inzira ziriko zikorwa n’igipolisi c’uburundi kuva mu mwaka wa 2021 kuko kubwiwe ngo basanze nabone bashoboye. Martin Ninteretse akavuga kandi ko ata masezerano yandi yo gukora bafitaniye n’uwundi muntu numwe.

Umushikiranganji Martin Ninteretse ariko yishura ku kibazo c’umumenyeshamakuru kijanye nimba izo mpapuro zoba zabuze bitewe n’ishirahamwe ryariko rizikora canke akabirya kari ku rindi shirahamwe bivurwa ko ryasubiriye Global Contec, yagize ati :”ubu impapuro z’inzira ziriko zikorwa n’igipolisi c’uburundi ngaha muri kino kigo kijejwe imbibe no gukora izo nkaratasi. Nta contrat yindi dufitaniye n’uwundi muntu n’umwe. Abapolisi b’iwacu barashoboye , nibo bariko barabikora guhera mu mwaka wa 2021″

Umushikiranganji Martin Ninteretse asigura kandi ko ibura ry’izo mpapuro z’inzira zatumwe n’uko uwahora abaha udutabu twogukora impapuro z’inzira hajamwo hagati abo bita aba “commissionnaires” maze bikagorana . Ariko ngo ubu bararonse uwuzohora abaha utwo dutabu kandi ku giciro gitoya.

Kubw’ivyo, Martin Ninteretse yemeza ko ata rindi shirahamwe bazosubira guha “contrat” kuko iryahahora Global Contec basanze harimwo amahinyu menshi ukwo ryakora ndetse n’amasezerano yo gukorana n’iryo shirahamwe yari yaraheze.

Must Read