UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Tanzaniya: Leta itangaza umunyagihugu wayo agira kabiri ko ari mu bishwe n’umuhari Hamas.

Leta ya Tanzaniya yatangaje ko umunyagihugu wayo yitwa Joshua Mollel yaba mu gihugu ca Israel ku mvo zo kwiga amashure ari mu bamaze kumenyekana ko yishwe n’umuhari w’iterabwoba Hamas.
Mollel w’imyaka 21 akaba abaye umuntu wa kabiri w’umunye Tanzaniya vyemejwe ko yishwe na Hamas, inyuma y’uwitwa Clemence Mtenga bari banyururijwe rimwe kuwa 7 Gitugutu 2023 igihe Hamas yagaba ibitero bikomeye kuri Israel.
Niho kuri uyu wa 14 Kigarama 2023, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Tanzaniya January Makamba abicishije ku rubuga rwiwe rwa X yatangaza ko vyamaze kwemezwa ko Joshua Mollel yishwe na Hamas kuwa 7 Gitugutu 2023.

January Makamba yagize ati :«Twamenyeshejwe na Leta ya Israel ko Joshua Mollel, umwana w’umunye Tanzaniya yari kwiga muri Israel yahise yicwa ku musi yafatiwe mpiri na Hamas kuwa 7 Gitugutu 2023».

Nkuko dukesha iyi nkuru ikinyamakuru The Citizen co mu gihugu ca Tanzaniya, Urupfu rwa Mollel rwatangajwe inyuma yaho y’indwi zitatu hamenyekanye urupfu rwa mugenzi wiwe Clemence Mtenga bigana hamwe muri Israel.
The Citizen ibandanya yandika ivuga ko abo banyeshure babiri bishwe na Hamas bari mu banye Tanzaniya 260 barungitswe muri Israel kwiga amashure ajanye n’ivy’uburimyi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments