UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Abarundi barenga 2800 bagiye gupagasa muri Tanzaniya barapfunzwe guhera muri Rusama gushika muri Munyonyo.

Ba buramatari b’intara zihana urubibe n’igihugu ca Tanzaniya baragiriza bamwe mu banye tanzaniya ko bahohotera abarundi baja gusabayo akazi abandi bakabaka ibiturire abandi nabo bagakora ntibahembwe. Ivyo biri uko mu gihe abashika 2890 barafashwe barapfungwa kuva mu kwezi kwa Rusama gushika muri munyonyo 2023. Ivyo bikaba vyashikirijwe kuri uno wa kabiri mu nama y’abarongoye intara zihana imbibe na Tanzaniya yabereye muri komine ya Nyanza-Lac.

Muri iyo nama yahuje abajejwe intwaro b’intara zihana imbibe n’ibihugu vy’uburundi na Tanzaniya, bamwe muri ba buramatari b’intara z’uburundi baraneguye ingene abarundi baja gupagasa muri Tanzaniya bafatwa nabi bagafungirwayo. Iyo batashe naho i Burundi bakwa utwabo bagataha ataco batahanye.

Jean-Claude Barutwanayo, ni buramatari w’intara ya Muyinga:«Nivyo abagenda muri Tanzaniya bavuye i burundi bagenda kurima canke mu bindi bikorwa , abenegihugu basanzwe bari ku mupaka bobo baba ari inzirakarengane kuko baba basanzwe bafitaniye ubucuti n’aba tanzaniya , bafise abagore b’aba tanzaniya , usanga rimwe na rimwe kuja muri Tanzaniya uca wumva ko ari ikibazo. Ico nashaka kuvuga ni ikintu kijanye n’abantu bagiye muri tanzaniya gukorerayo igihe kininiya hafi y’amezi nka 8 barima ariko hageze yuko bimbura abarundi baciye babanyaga twose baca babarungika ukwo mbere baca babaronderera n’imodoka ica irabazana ibageza ku mupaka»

Ivyo vyashikirijwe na buramatari w’intara ya Muyinga vyahavuye vyemezwa kandi na buramatari w’intara ya Cankuzo Boniface Banyezako aho avuga ko hari abakenyezi b’abarundikazi bavyara ku banye tanzaniya bageze kugera ku bana babiri bagaca birukanwa ubutarariye muri ico gihugu.

Uwujejwe uruja n’uruza mu ntara ya Kigoma yaremeje ko abarundi benshi bapfungiwe mu mabohero y’igihugu ca Tanzaniya . Ku bagera ku 2890 bari bapfunzwe muri aya amezi aheze. Nayo 1485 bararekuwe ubu hakaba hagipfunzwe abashika 1405

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments