UBM News ads
Tuesday, March 5, 2024
No menu items!
UBM News ads

Leta y’uburundi itegekanya kugabanya amafaranga iriko irakoresha hisunzwe itituka ry’ifaranga ry’uburundi ririko riribonekeza ubu.

Mu nama nshikiranganji yakoranye kuri uyu wa gatatatu igenekerezo rya 13 Kigarama 2023, Abagize Leta y’uburundi bashikirije isubirwamwo ry’ibwirizwa ryerekeye ukugabanya amafaranga Leta iriko irakoresha muri uyu mwaka wa 2023-2024 hisunzwe ukwo agaciro k’ifaranga ry’uburundi kariko gatituka.
Kubw’ivyo, ngo uburyo bwategekanijwe ku bikorwa bijanye n’inyubako canke gusanura ariko bikaba bitarangura biravanamwo, ariko bikazoshirwa ku rutonde rw’ibizorangurwa mu mwaka uza wa 2024-2025. Ibikorwa bitegekanywa kurangurwa n’ibigo vya Leta nka OBUHA, ARB na FONIC mu gice ca gatatu n’ica kane vy’uyu mwaka na vyone bigeye kuvanamwo kiretse imishahara izogumwamwo gusa. Ivyo bigo bikazobandanya gukoresha amafaranga ari ku makonte yavyo. Ibindi Leta ivuga ko bigiye kuvanwaho ni igurwa ry’amamodokari yagenewe mu bisata bimwe bimwe vya Leta ariko mu gisirikare no mu gipolisi iyo ngingo ikaba itaberekeye kuko bobo bazogurirwa imodokari hisunzwe izikenewe kugurwa uy’umwaka.

Ikindi inama nshikiranganji yasavye, ni ikijanye n’uko hogabanywa itagisi itangishwa kw’isukari yinjira ivuye hanze kugira ngo abayirangurira hanze bayizane ku bwinshi.Harasabwe kandi ko hogizwa na Kabiri itagisi ku modokari y’agaciro iyo umuntu aguze iyigira kabiri.Ikindi, ni ikijanye no gusubiramwo ibijanye n’igaburwa ry’amafaranga atozwa ku masoko canke mu mazu y’ubudandaji hagati y’ibiro vy’igisagara ca Bujumbura n’ikigo OBR aho ibice 20% vy’ayatojwe bizokwegukira ibiro vya meri ya Bujumbura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments