Tanzania: Umugabo w’Umurundi yaciriwe urwo gupfa

0

Mu makuru ashirwa ahabona n’ikinyamakauru co muri Tanzania, IPP Media, amenyesha ko hati umugabo w’umurundi yaciriwe urwo gupfa kubera ukwica n’ibigirankana uwahoze ari umugore wiwe.

Uwo mugabo w’umurundi akaba yaba ahitwa i Rungwe Mpya mu ntara ya Kigoma ihana urubibe n’Uburundi mu bumanyuko no mu buseruko, muri District ya Kasulu.

Uwo Murundi yaciriwe urwo gupfa akaba yitwa Yohana Filipo maza akaba yishe n’ibigirankana uwahoze ari umukenyezi wiwe yiswe Scolastika James.

 

Sentare yaho i Kasulu mu ntara ya Kigoma ivuga ko uwo murundi yagirizwa ico caha yakoze mu mwaka wa 2017 yaciriwe urwo rubanza rukaze kugira hatangwe icigwa kuri abo bose boba bagifise agatima ko gukora iryo bara nayandi mabi nkayo.

Uwo yaciriwe urubanza rwo kumanikwa arafise uburenganzira bwo kwunguruza nk’uko Sentare ya Kasulu mu ntara ya Kigoma ibivuga.