Imishamirano hagati y’Inyankamugayo’ za CNL be n’ Imbonerakure za CNDD-FDD

0

Umushikirizamanaza mukuru wa Republika, Sylvestre Nyandwi yamenyesheje ko ahagaritswe umutima n’imishamirano hagati y’inyankamugayo za CNL hamwe n’Imbonerakure za CNDD-FDD.

Sylvestre Nyandwi aragaruka ku mishamirano yabaye mu ntara za Kirundo, Ngozi, Gitega na Bujumbura rural na Kayanza.

Iyo mishamirano rimwe rimwe iratuma bamwe bahasiga ubuzima, baba aba CNL canke Imbonerakure za CNDD-FDD.

SylvestrevNyandwi akamenyesha ko abo bose birengagiza amategeko muri kino gihe c’imyiyamamazo azobihanirwa n’amategeko.

Muri iyi misi, haribonekeza ukurabana ayingwe hagati y’inyankamugayo za CNL ya Rwasa hamwe n’Imbonerakure za ‘Samuragwa wa CNDD-FDD na cane baharira ku wuzohava atsinda amatora yo kuwa 20 Rusama 2020.