Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’uburundi , Sylvestre Ntibantunganya mu kiganiro aheruka guha ikinyamakuru Primo Media Rwanda, asigura ko itabwa muri yompi rya Gen. Alain-Guillaume Bunyoni ari ibisanzwe. Akavuga kandi ko no mu gihugu c’urwanda habaye inkuru isa nk’iyo igihe uwari mu ntwazangabo zo hejuru mu gisirikare c’urwanda, Gen. Kayumba Nyamwasa yahunga igihe yariko ahirwa kugira apfungwe.
Ntibantunganya yagize ati :«Aho ntutangare . mu buzima bwa politike ni ibintu bisanzwe. Mu Rwanda , kayumba Nyamwasa ari hehe? Ndamuzi aha ngaha , yazananye n’umukuru w’igihugu ahagarariye igisirikare c’urwanda , ni ukuvuga ko yari umuntu yari hafi y’umukuru w’igihugu. Ubu ari hehe?»
Sylvestre Ntibantunganya yavuze kandi ko mu buzima bwa politike hariho igihe kigera abantu ntibumvikane. Kuri Bunyoni , ngo ashobora kuba azira kuba atakoresheje neza ubutunzi bw’igihugu canke akaba yashaka gukura ku butegetsi Perezida Varisito Ndayishimiye.
Kayumba Nyamwasa yahunze igihug afise ipete rya Lt.Gen maze yakwa abamugendanira bivuye ku rwego rw’ubutungane rwa gisirikare aho rwamuciriye gupfungwa imyaka 24 atahari hari mu mwaka wa 2011. Akaba yagirijwe ivyaha vyo gushiraho umuhari w’iterabwoba , gutoroka igisirikare hamwe no kubiba amacakubiri mu gihugu. Ubu Nyamwasa akaba ari mu buhungiro.
Recent Comments