Umugambwe CNL urongowe n’umushingamateka Agathon RWASA waraye uhagaritse abantu 11 bahora mu biro bikuru vy’uwo mugambwe ariko bamaze imisi batangaza ko batemera ivyavuye mu ma koraniro adasanzwe abiri aheruka kuba mu kwezi kwa Ndamukiza 2023. Umugambwe CNL ukagiriza uwo murwi w’abo banywanyi urwiriyemwo ahanini abashingamateka batowe mw’uwo mugambwe amakosa menshi wakoze harimwo kuba barase kwisigura kuvyo bagirizwa n’umugambwe.
Nkuko tubisoma mu nyandiko zateweko umukono kuri uyu wa gatatu n’umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa, Abo bantu 11 bahora mu biro bikuru vy’umugambwe bagirijwe ivyaha bikwirikira: kuba babona ko aribo bofata ingingo kw’izina ry’umugambwe, kuba batigeze batanga ivyegeranyo vy’ibikorwa baranguye nk’uko amategeko y’uwo mugambwe abitegekanya, barandikiwe amakete abasaba gusigura ivyo bagirizwa nkuko babisabwe n’umugambwe ariko ngo ntibabikoze.
Amazina y’abo bahagaritswe mu rwego rukuru rw’umugambwe CNL agizwe ahanini n’abashingamateka nabo ni :Nestor Girukwishaka, Umushingamateka Pelate Niyonkuru, Umushingamateka Bernard Ndayisenga, Umushingamateka Therence Manirambona, Umushingamateka Felix Mpozeriniga, Umushingamateka Leopold Hakizimana, Umushingamateka Marie-Immaculée Ntacobankiza, Umushingamateka Godeberthe Hatungimana, Umushingamateka Jean-Berchmas Mbanye, Umushingamateka Zenon Bigirimana hamwe na Cathy Kezimana asanzwe iki gihe ari mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko EALA.
Recent Comments