UBM News ads

Suède irahakana amakuru avuga ko yemeje imibonano mpuzabitsina nk’imikino yo kwinonora imitsi mw’ico gihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igihugu ca Suède kirahakana amakuru amaze imisi aca ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko catangaje ku mugaragaro imibonano mpuzabitsina nk’imikino yo kwinonora imitsi mw’ico gihugu.

Mu kiganiro aheruka kugirana n’iradiyo y’abongereza BBC ivuga amakuru mu rurimi rw’igifaransa, Anna Edoh asanzwe ari mu baserukira Suède mu gihugu ca Nigeria, avuga ko Igihugu ciwe aserukira kitigeze gisinya canke ngo kigaragaze ko gishigikiye gukora imibonano mpuzabitsina nk’imikino yo kwinonora imitsi.

Uwo asanzwe agira gatatu mu bakora mu buserukizi bwa Suede muri Nigeria yavuze ko “Imibonano mpuzabitsina ntiyigeze yemezwa nka siporo muri suede”. Akaba yongeyeko avuga ko ubuheruka hari ishirahamwe ryitwa “Fédération suédoise du sexe” ryanditse ikete risaba Leta kubemerera ryandikwe mw’ishirahamwe ry’inkino ryo muri Suede.

“Ntitwishuye iryo kete kubera ko iryo shirahamwe ridakwije ibisabwa bikwiye kugira rishirwe mu murwi w’amashirahamwe yo kwinonora imitsi”Niko Anna Edoh yabandanije asigura.

Tubamenyeshe ko Leta ya suede ibihakanye mu gihe ata misi yari ihaciye hatangajwe amakuru ku mbuga ngurukanabumenyi avuga ko ico gihugu cemeje ku mugaragaro imibonano mpuzabitsina nk’imikino yo kwinonora imitsi, ko kandi ko ihiganwa rya mbere mpuzamakungu rizotangura mw’ico gihugu kuwa 8 Ruheshi uy’umwaka. Uwo akorera mu buserukizi bwa suede muri Nigeria akaba yagiriyeko amenyesha ko ayo makuru yagiye aca ku mbuga ngurukana bumenyi yari ibinyoma atazi ico vyari bigamije gushikako.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments