UBM News ads
Wednesday, February 21, 2024
No menu items!
UBM News ads

Leta y’uburundi isabwa n’ubumwe bwa Afrika gutanga indishi y’akababaro ku barundi 8 bahohotewe bariko biyamiriza ikiringo ca 3 ca Nkurunziza.

Leta y’uburundi isabwa n’igisata c’umuryango w’ubumwe bwa Afrika kijejwe agateka ka zina muntu gutanga indishi y’akababaro ku barundi bagera kuri munani bahohotewe bibabaje n’intwaro y’umuhisi Perezida Nkurunziza mu mwaka wa 2015 ni mu gihe bariko biyamiriza ikiringo ciwe kigira gatatu. Leta y’uburundi isabwa kandi gusaba imbabazi ku mugaragaro ku barundi yakoreye amarorerwa hahonyanzwe amategeko.
content/uploads/2023/06/Arrestation-d-un-manifestant_0-640×360.webp” alt=”” width=”700″ height=”360″ class=”alignnone size-medium wp-image-4102
Umushingwamanza Lambert Nigarura ari mu bakwirikiranye urwo rubanza arashima cane kw’iyo ngingo yatangajwe n’ico gisata c’umuryango w’ubumwe bwa Afrika : “Iyo ngingo isohotse inyuma y’imyaka itandatu inyuma kandi yuko habaye inyandiko nyishi zihinyuzanya na Leta y’uburundi , murabona yuko iyo ngingo isohotse , ni ingingo dushimye cane, ni nziza yerekana neza ingene uburundi bwahonyanze amasezerano ya Afrika ajejwe gukingira agateka ka zina muntu nkuko ingingo zahonyanzwe zigaragara . Ikindi twoshima nuko , ico gisata ca Afrika kije gisaba Leta y’uburundi ko vyihuta yoca iheza igaha indishi y’akababaro abo barundi bahohotewe bakorewe amabi yo mw’ico gihe c’imyiyerekano, bakaronka indishi y’akababaro ishimishije . Leta y’uburundi ikongerako igasabwa kubavuza kuko benshi baracarwaye baracafise ibikomere no kubafasha ibijanye n’ivy’imibereho . Leta y’uburundi igasabwa kandi no gusaba imbabazi ku mugaragaro no kubarundi yakoreye amarorerwa bihonyanze amategeko”

Lambert Nigarura avuga kandi iyo ngingo ari iyigira kabiri ije igaragaza ko uburundi bwakoreye amabi abarundi mu gihe bariko bakora imyiyerekano y’amahoro biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza . Uwo mushingwamanza aburanira abarundi bakozweko amabi biturutse ku kiringo ca gatatu c’umuhisi Nkurunziza amenyesha ko we n’abagenzi we bagiye gutanguza urundi rugamba rwo guharanira ko iyo ngingo ishirwa mu ngiro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments