UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Imiriyaridi 3.952 n’imiriyoni 900 niyo mafaranga Leta igiye gukoresha mw’uy’umwaka ariko ayagera ku miriyaridi 728 n’imiriyoni 900 Leta ngo ntibona aho azova.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imiriyaridi 3.952n’imiriyoni 900 niyo mafaranga Leta y’uburundi itegekanya gukoresha mw’uy’umwaka wa 2023/2024. Biri mu nteguro y’ibwirizwa rigenga ayo mafaranga yemejwe n’inama nshingamateka kuri uyu wa mbere.

Audace Niyonzima, umushikiranganji w’ikigega ca Leta mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe , yasiguriye abashingamateka ko Leta yiteze amafaranga azinjira mu bigega agera ku miriyaridi 3.224. Ariko ko ayashobora kutazoboneka agera kuri miriyaridi 728 n’imiriyoni 900.

Nkuko vyasiguwe n’uwo mushikiranganji, ivyatumye uburyo Leta izokoresha muri ico kiringo bwiyongera harimwo ugusubiramwo ikibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye, umugambi wo kwubaka ibarabara ry’indarayi, umugambi wo gufungurira abanyeshure bo mu mashure y’intango, kwubaka inyubako za Leta, ukuronsa umuyagankuba ibisagara vyo mu gihugu hagati , ugushigikira imigambi y’urwaruka biciye muri wa mugambi PAEEJ hamwe rero no gushigikira imigambi y’amakoperative yo ku mitumba.

Tubamenyeshe ko ayo mafaranga angana na miriyaridi 3.952 n’imiriyoni 900 yiyongereye cane ku bice 65% ugereranije n’uburyo bwakoreshejwe mu mwaka wa 2022/2023 aho yangana n’imiriyardi 2.392 n’imiriyoni 300.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments