Stikk agiye gukorana na Bruno Photography

0

Umuririmvyi w’umurundi ahurikiye mu mugwi Over Do Team ariwe Nyeniteka Allegre Delice abenshi bazi kw’izina rya Stikk yaraye amenyesheje ko kuva ubu agiye gukorana n’umusore afise ingabirano yo gufotora azwi kw’izina rya Bruno aho bagiye gukorana nuyo mufotozi ku bijanye n’amafoto yose azoza arifotoza uyo muririmvyi
bruno photography

KU munsi w’ejo niho uyo muririmvyi Stikk yashobora kwandika ku rubuga rwiwe rwa facebook ko afise umunezero ntangere wo kwerekana umuntu agiye kuza aramufotora uyo nawe suwundi Ni Bruno photography aho stikk yashoboye kumenyesha ko yabonye ko Bruno afise ingabirano idasanzwe yo gufotora kuko uravye amafoto yiwe udapfa wemeye kwariwe ayafotora kuko aba asayangana cane
Stikk rero akavuga ati:narakoranye n’abafotozi benshi ariko ubu nza nashika kuko imbere yuko nkorana na Bruno nabanje ku mwiga igihe kitari gito,Stikk ati:Bruno ari muri babantu bafise ingabirano ariko utazopfa waramenye ko afise iyo ngabirano atarinze ku bikwereka kuko afise ubwitonzi n’ubukerebutsi ntangere muvyo asanzwe akora vyose

Tworangiza tubamenyesha ko Stikk atari wenyene w’umuririmvyi azoba akoranye nuyo mufotozi Bruno