Amasanamu y’indirimbo ”Ma Lova” ya Best Life Music agiye kuja ahabona

0

Nyuma y’iminsi mike umugwi Best Life Music utwemereye amasanamu y’indirimbo ”Ma Lova”,ubu bagiye kuyishira ahabona nkuko babimenyeshe ikinyamakuru canyu ubmnews
best life
Umwe mu bahurikiye muri uyo mugwi aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews mu gitondo co kuri uyu wa kane akaba yatumenyesheje ko ayo masanamu bagiye kuyashira ahabona vuba kuko bamaze kurangiza kuyakora hasigaye gusa ko bayashira ahabona abakunzi babo n’abakunzi b’umuziki ndundi bagatangure kuyabona,
Tubabajije iminsi isigaye ngo bayashire ahabona,akaba yatubwiye ati:sinobabwira umunsi gusa ni vuba cane
ma lova

Tworangiza tubamenyesha ko ikinyamakuru cacu ubmnews kizoba ica mbere kuronka ayo masanamu y’indirimbo ”Ma Lova”