Abashaka kumenya amafranga bamaze kwaka abasuma bivye Leta ni barabe irya stade Intwari,inyubakwa nyishi ziriko zirubakwa harimwo ingoro y’umukuru w’igihugu I Gitega nkuko vyemezwa na Prezida Evariste Ndayishimiye.
Evariste Ndayishimiye ati iyaba hari intwaro ibereye tuba tumaze kwubaka ibintu vyinshi cane!

Mu kiganiro yagiranye n’abahoze barongoye uburundi;Sylvestre Ntibantunganya na Domisiyano Ndayizeye yamenyesheje ko urugamba rwo kurwanya abanyonyeza ubutunzi bwa Leta rutahagaze ahubwo ko rugeze kure.
Prezida Evariste Ndayishimiye yemeza ko hamaze kugaruzwa amafranga menshi avuye mu banyonyeza ubutunzi bwa Leta kandi ko ayo mafranga ariko arakoreshwa neza cane mu kwubaka inyubakwa za Leta.
Varisto Ndayishimiye atanga akarorero aho stade Intwari iriko yubakwa mumahera batse abasuma bivye Leta harimwo n’izindi nyubakwa nyishi harimwo ingoro y’umukuru w’igihugu Igitega.
Naho biruka Evariste Ndayishimiye amenyesha ko iyo haza kuba intwaro ibereye Uburundi buba bumaze kwubaka ibintu vyinshi cane!





Recent Comments