UBM News ads

Urwanda rwahisemwo intambara rwanka ibiganiro-Thérèse Kayikwamba.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji wa mbere wa kongo Thérèse Kayikwamba avuga ko naho urwanda rwahisemwo intambara rukanka ibiganiro vy’amahoro kongo itazopfa iganiriye n’umuhari m23.

Mu gihe ku musi w’ejo ariho vyari vyitezwe ko prezida wa Kongo Felix Tschisekedi na paul Kagame w’urwanda bari guhurira muri Angola vyahavuye bisiba.

Impamvu ya vyose nkuko vyashikirijwe n’umushikiranganji wa kongo ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu,nuko prezida paul kagame yahisemwo gusiba muri iyo nama kuko azi amaze kumenyekana ko ari nkwezi y’ibibazo vy’umutekano muke urangwa mubuseruko no mu buraruko bwa kongo.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’urwanda Olivier Nduhungirehe yamenyesheje ko impamvu urwanda rutitavye iyi nama ari kubera kongo yase kuganira n’umuhari m23 kandi bari babisezeranye.

Thérèse kayikwamba akavuga yuko naho urwanda rwaraye rwisokoye mu biganiro kandi kongo yari yemeye gusinya amasezerano ariko urwanda rukaba ruhisemwo intambara ntirwemere kuganira,kongo ntizopfa yemeye kwicarana n’umuhari m23.

Ibintu biri uko mugihe nubu intambara zikibandanya hagati y’igisirikare ca kongo n’umuhari m23.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments