Prezida Evariste Ndayishimiye yatanze ihumure ku bahoze bayoboye uburundi;Sylvestre Ntibantunganya na Domitien Ndayizeye hamwe n’abarundi bose ko uburundi butegerezwa gushika ku mbona kazoza ya 2040-2060.
Varisto Ndayishimiye ati:” abanyamitahe bagiye kuza kubwinshi mu burundi kandi twiyemeje kurwanya igiturire bimwe biboneka bahora bakwa n’indongozi zataye inzira”.

Mugihe ku musi w’ejo Varisto Ndayishimiye yari aramutse yakira abahoze bayoboye igihugu c’uburundi aribo Domisiyano Ndayizeye na Sylvestre Ntibantunganya kugira baganire imbonakazoza ya 2040-2060.
Kubwa Evariste Ndayishimiye asanga abarundi borema cane ntibagire ubwoba kuko ingingo zose zamaze gufatwa kugira abarundi bashike kuri ya mbona kazoza ya 2040-2060.
Bimwe muvyo yijeje aba bahoze bayoboye uburundi ni kurwanya igiturire ku banyamitahe bahora bakwa mu gihe bazanye imitahe yabo mu burundi ikindi nuko abo banyamitahe bagiye kuza ku bwinshi mu Burundi babiganiriye na Prezida Evariste Ndayishimiye.
Ugerageje kuraba ibibazo uburundi burimwo haba muvyo ubutunzi na politike birerekana ko intambwe ikiri ndende gushikira iyo mbona kazoza.
Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ntasiba kuvuga ko ubutungane bw’ugarijwe b’ibiturire,abazana imitahe yabo nabo ntiboroherezwa mu kwakwa ibiturire ibituma baca bisubirira iwabo aha ntawokibagira muganga Christophe Sahabo avundiye mw’ibohero rya Ruyigi kuva 2022 ata kindi azira atari uko yari aje guteza imbere uburundi.





Recent Comments