UBM News ads UBM News ads
Sunday, July 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

SOSUMO igiye gukorana na Sarrai Group ryo muri Uganda kugira hagizwe umwimbu w’isukari mu Burundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ihinguriro ry’isukari SOSUMO ririko riragerageza kwunga ubucuti n’ihinguriro ry’isukari Sarrai Group ryo mu gihugu ca Uganda. Bitegekanijwe ko ukwo gukorana kwotangurana n’ukwezi kwa Nzero 2024 aho ishirahamwe SOSUMO bitegekanijwe ko rizoca ryagurwa.

Mw’ikete ryo kuwa 27 Munyonyo uyu mwaka wa 2023, umuyobozi mwishikira ajejwe ibibazo vya gisivire mu biro vy’umukuru w’igihugu yarandikiye umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo uburimyi agaha ikopi kandi n’umushikiranganji wa mbere biturutse ku cegeranyo ubuyobozi bwa SOSUMO bwarungikiye ibiro vya gisivire vy’umukuru w’igihugu ku bijanye naho ukwunga ubucuti bwo gukorana na Sarrai Group yo muri Uganda biteye.

Umuyobozi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vya gisivire yamenyesheje abo bashikiranganji babiri ko yahavuye ategeka ko umugambi wo gukorera hamwe n’iryo shirahamwe ryo muri Uganda kugira SOSUMO ibashe kurwiza umwimbu wo kwihutishwa . Ni muri iryo kete ryiwe nyene Gen.de Brigade Aloys Sindayihebura umuyobozi mwishikira ajejwe ibibazo vya gisivire mu biro vy’umukuru w’igihugu, yamenyesheje abo bashikiranganji babiri ko iryo fatanya rya SOSUMO yo mu Burundi na Sarrai Group yo muri Uganda ritegerezwa gutangurana n’ukwezi kwa mbere mu mwaka uza wa 2024 na cane cane ko uburyo SOSUMO itegekanya kugira irwize umwimbu umukuru w’igihugu azobitangaza mw’ijambo ryiwe ryo kwipfuriza abarundi umwaka mushasha wa 2024.

Gen.de Brigade Aloys Sindayihebura akaba yamenyesheje ko muri iryo kete ko umwe mu mikenyuro wo kurwiza umwimbu muri SOSUMO ari ukwubaka ihinguriro rishasha maze akaba amahinguriro abiri abangabanganye ariko ahurira ku mirima imwe y’ibikaju.

Bikaba bitegekanijwe nkuko Aloys Sindayihebura abivuga ko ayo mahinguriro abiri ya SOSUMO azohora agura n’igikaju c’abanyagihugu kugira yongereze umwimbu wayo .

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments