UBM News ads UBM News ads
Monday, July 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Papa Francisco yahaye uburenganzira Ekleziya katolika gutangura guha umuhezagiro ababana bahuje ibitsina.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umwungere wa Ekleziya katolika kw’isi Papa Francisco yahaye ku mugaragaro Ekleziya Katolika uburenganzira bwo gutangura kuza iha umuhezagiro ababana bahuje ibitsina abo bita aba ‘homosexuels’ mu rurimi rw’igifaransa hamwe n’abasanzwe bisangije ibitsina. Ivyo tubisanga mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 18 kigarama 2023 riteweko umukono na Papa Francisco.

Mw’iryo tangazo, Vatikano imenyesha ko uwo muhezagiro ugiye kuza uhabwa uwo murwi w’abo bantu utokwitiranywa n’uwusanzwe uhabwa abashing ingo zabo. Ni ukuvuga bigeye gutandukanywa cane n’ imigirwa yarisanzwe ikorerwa abakirisu baba bashinze iz’abo .

Ivyo bikaba bije gushitsa ivyari vyatangajwe n’ibiro vya Vatikano mu kwezi kwa Gitugutu 2023 aho vyamenyesha ko abazobana basangiye ibitsina nabone bagiye kuza bahabwa umuhezagiro ko gusa vyokorwa bitandukanye n’umuhezagiro usanzwe uhabwa abakirisu bubaka ingo zabo.

Kuba Umwungere wa Ekleziya katolika afashe ingingo nkiyo yo kuza bahezagira mw’idini arongoye abo bahuza basangiye ibitsina, bigiye gutuma Ekleziya katolika yicamwo ibice canke hakagira umurwi wanka kugendera kw’iyo ngingo ya Papa Francisco nkuko bibonwa bamwe na bandi bo mw’iryo dini batuye ku migabane itandukanye y’isi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments