UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Frédéric Bamvuginyumvira ahanura Perezida Ndayishimiye gutanga imihoho niyaba abona ko vyamunaniye gutwara igihugu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyepolitike atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uburundi, Fréderic Bamvuginyumvira ahanura umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye gutanga imihoho nyimba abona ko vyamunaniye kurongora uburundi nkuko yari yigeze kuvyemerera abarundi. Uwo munyepolitike ari mu buhungiro abivuze inyuma yaho Perezida Ndayishimiye yagirije ikigo BBN ko gikoresha nkunzi ariko ivyo ico kigo camiriye kure ahubwo kikagiriza abategetsi bamwe bamwe kugomba kugitamika ijambo.

Kubwa Bamvuginyumvira, ngo umukuru w’igihugu ntajejwe kwidoga, ahubwo ajejwe gufata ingingo. Kuri mikoro y’iradiyo n’imboneshakure Renaissance, yagize :«Mu bisanzwe umukuru dufise ubu arimwo arakora akazi katari rwiwe, ejo bundi yaravuze ati jewe ninabona ko vyananiye nzofata ingingo yo kuhava nijane. Jewe nkibaza ko uno musi hageze ko yofata be n’iyo ngingo. Iyi ngendo yo kugenda mu bikorwa ahantu habera ubuzi agatuka abakuru babo si nibaza ko ariyo nzira izotuma ibintu bihinduka kuko arafise uburyo bw’ingene uyo muyobozi amuhamagara akarungika intumwa ziwe zigenda kuraba ingene ubuzi bwa Leta buriko burakoreshwa»

Ku musi wahariwe umutozakori wahimbajwe kuwa 5 Kigarama 2023 mu gisagara ca Bujumbura, Umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye yagirije ikigo BBN gikoresha nkunzi mu gufata ibidandazwa bimwe ibindi bimeze co kimwe bakavyankira gusohoka ngo bijanywe kw’isoko. Ariko kuri uyu wa mbere mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru , Sévérin Sindayikengera arongoye ico kigo yarishuye muri rusangi ivyo bagirijwe n’umukuru w’igihugu ko atavyo bokora mu kwubahuka gukoresha nkunzi ko ahubwo hari abategetsi bamwe bamwe baguma batamika jambo kuvyo ico kigo kiba kiriko kirakora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments