Bamwe mu bahuza bo ku mitumba bavuga ko babazwa n’ingene baheruka guhabwa agashirukabute k’intica ntikize . Abo bahuza bakabona ko Leta ata gaciro iha akazi bakora.
Amafaranga ibihumbi mirongo ibiri na bitatu vy’amarundi (23000Fbu) nivyo bamwe mu bahuza bo ku mitumba bavuga ko baheruka guhabwa nk’agashirukabute . Umwe mu bahuza atashimye ko yidondora abona ko Leta yabasuzuguye yongera isuzugura n’intererano yabo mu kibano.
Yagize ati :«Leta yaradusuzuguye cane kuba yabonye ko dukwiriye guhembwa arya mahera 23000Fbu n’akazi gakomeye yadushinze! Leta mvyeyi koko yoba yariyumviriye ku gikorwa gikomeye dukora mu kibano? Yoba yabonye ko arya mafaranga 23000 Fbu ariyo mbereye guhabwa n’imirimo myishi nama nahagaritse gukora kugira nitangire rirya banga twarahiriye? Ibihumbi mirongo ibiri na bitatu iki gihe amaze iki? Uyaguramwo iki nka twebwe dufise umuryango munini?»
Uyu muhuza wo kuri umwe mu mitumba igize intara ya Muyinga asaba Perezida Ndayishimiye kugarukira urwo rwego rw’abahuza niyaba yarushizeho avyiyumviriyeko neza. Agira ati :« mbega none nyakubahwa umukuru w’igihugu yoba yiyumviriye gushiraho uru rwego yabanje guhanuza? Yoba yariyumviriye ko ukwo tuzobaho turiko turangura amabanga twajejwe? Uravye izuba twirirwako iyo imanza ziba ziriko zirasasa, inzara n’inyota bikaza bisongera isibe nsinibaza ko amafaranga 23000 Fbu harico aje kudufashamwo kweli. Birababaje!»
Tubamenyeshe ko abahuza bo mu makaritiye no ku mitumba batanguye amabanga yabo mu mpera zo mu kwezi kwa Nyakanga 2022. Ibwirizwa ryo 2021 ryunganira ingingo y’igitabo c’amategeko agenga itohoza n’iburanishwa ry’imanza z’amatati ryerekeye kunagura intahe yo ku mugina , rikaba rivuga ko mu ngingo ya kane ko abagize intahe yo ku mugina batabihemberwa ariko ko bahabwa agashirukabute gatomorwa biciye mw’itegeko , iryo tegeko rivurwa ariko ntirirajaho mugihe abo bahuza bamaze hafi umwaka bakora akazi .
Recent Comments