Mu nama ya Africa union,Prezida Paul Kagame amenyesha ko atazokwihanganira umuntu numwe uko yoba ameze kose afata ibisanzwe ikibazo c’interahamwe za FDLR.
Paul Kagame ati:”gufata ibisanzwe ikibazo ca FDLR,uba usuzuguye kahise kanje sinzokwihanganira uko wasa kose”.

Mu nama y’umutekano ya Africa union i Addis abbeba muri Ethiopia kubibazo vy’umutekano muke mu buseruko bwa kongo,Paul Kagame avuga ko iki kibazo cadidijwe n’abategetsi babesha batavuga ukuri ngo ibi bibazo bihere.
Paul Kagame yavuze ko kubona hari abasuzugura ikibazo c’interahamwe za FDLR atazobihanganira kuko kubihakana ari nko gusuzugura amateka yiwe.
Paul Kagame ati kuki hariho abantu FDLR itabateye ikibazo?kuki Hariho ababifata ibisanzwe?
“gufata ibisanzwe ikibazo ca FDLR,sinzokwihanganira uko waba umeze kose!kuko uba wibagiye amateka yanje”.niko paul Kagame avuga.
Paul Kagame yemeza ko adasahobora kwikorera kongo kumugongo kuko ibibazo urwanda rufise ni vyinshi bisabwa gukorwa.ibibazo vya kongo biraba kongo niyo itegerezwa kubikemura





Recent Comments