UBM News ads

SINDUHIJE avuga ko imvugo ya Perezida Ndayishimiye ihamagarira imihari irwana kwitabira ibiganiro ari uruyeri rwa politike.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imvugo y’umukuru w’igihugu c’uburundi, Varisito Ndayishimiye ihamagarira imihari yafashe ibirwanisho RED-TABARA na FNL ya Aloys Nzabampema kwitabira ibiganiro ngo ni uruyeri rwa politike kubera ko kuwa 19 Rusama 2022 hategekanijwe inama izohuza intumwa z’ubumwe za buraya hamwe n’iza Leta y’uburundi kugira bavugane ibitagenda neza mu Burundi kugira hasubire gutangwa imfashanyo ku Burundi.. Bivurwa n’umunyepolitike Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD. Abicishije mw’itangazo uwo mugambwe arongoye wasohoye kuri uyu wa mbere, amenyesha ko hari vyinshi bitarakorwa kugira haboneke ukugomba kwa Leta y’uburundi kuja mu biganiro.Image

Umunyepolitike Alexis SINDUHIJE avuga  ko kuri  iyo mvugo ya Perezida Ndayishimiye,amenyesha ko ikibazo kiri mu Burundi ari ica politike y’umugambwe CNDD-FDD ikumira abandi barundi batavuga rumwe . Kubwa Alexis Sinduhije, ngo hari ibikorwa bimwe bimwe Leta ya Gitega yategerezwa kuba yaramaze gukora kugira yerekane ugushaka kuganira n’abo batavugarumwe. « Ibiganiro mw’isi birafise ingene bigenda  kuko yarakoze ibiganiro arazi ingene bigenda, baragiriraniye n’aba porona, n’aba FRODEBU , ibiganiro ingene bigenda biba bifise abahuza, urutonde rw’ibibazo dutegerezwa kuvuganako , haratangwa imibonano. Ivyo vyose ntanakimwe kiriho. Rero bitahari, nta numwe yovuga ko hari ibiganiro biriko canke bigiye gutunganywa» Bibandanya bivurwa na Alexis SINDUHIJE arongoye umugambwe MSD.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments