Ingabo z’uburundi ziri gufasha kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somaliya zaraye zisubiye guterwa n’intagondwa z’umuhari Al-Shabab. Amabombe arenga mirongo ibiri bivurwa ko ataco yononye niyo yakoreshejwe n’abo bihevyi kuri uyu wa kane mu gutera ingabo z’uburundi za ATMIS ziri ahitwa Biokadal.
Amakuru adushikira aturuka I Biokadal atumenyesha ko abihevyi ba Al-Shabab bakoresheje n’inkoho zikomeye bakuye mu kirindiro c’abarundi kiri ahitwa El-Baraf hari igihe caterwa n’izo ntagondwa kuwa gatatu Rusama 2022.
Tubamenyeshe ko gushika ubu ikirindiro ca El-Baraf kikiri mu minwe n’intagondwa za Al-Shabab aho ibiziga vy’abasirikare b’abarundi bahasize ubuzima bitarashobora kuboneka . Amakuru yandi adushikira aturuka mw’ako karere atumenyesha ko ingabo z’uburundi ziriko zitegurira gusubira kuhigarurira.
Recent Comments