UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Izindi ngabo z’uburundi ziri mu butumwa bwa ATMIS muri Somaliya zaratewe na Al-Shabab.

UBM News ads

Ingabo z’uburundi ziri gufasha kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somaliya  zaraye zisubiye guterwa n’intagondwa z’umuhari Al-Shabab. Amabombe arenga mirongo ibiri  bivurwa ko ataco yononye niyo yakoreshejwe n’abo bihevyi kuri uyu wa kane mu gutera ingabo z’uburundi za ATMIS ziri ahitwa Biokadal.Image

Amakuru adushikira aturuka I Biokadal atumenyesha ko abihevyi ba Al-Shabab bakoresheje n’inkoho zikomeye  bakuye mu kirindiro c’abarundi kiri ahitwa  El-Baraf hari igihe caterwa n’izo ntagondwa kuwa gatatu Rusama 2022.

Tubamenyeshe ko gushika ubu ikirindiro ca El-Baraf kikiri mu minwe n’intagondwa za Al-Shabab aho ibiziga vy’abasirikare b’abarundi bahasize ubuzima bitarashobora kuboneka . Amakuru yandi adushikira aturuka mw’ako karere atumenyesha ko ingabo z’uburundi ziriko zitegurira gusubira kuhigarurira.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments