Sunday, March 26, 2023
HomeNewsUmuganga Christophe SAHABO yahora atwara Ibitaro KIRA abarizwa mw'ibohero rya Mpimba.

Umuganga Christophe SAHABO yahora atwara Ibitaro KIRA abarizwa mw’ibohero rya Mpimba.

Umuganga Christophe SAHABO yahora atwara ibitaro KIRA yaraye kuri uyu wa kabiri ijoro ryiwe ryambere mw’ibohero rikuru rya Mpimba inyuma yo kurengutswa muri parake kuri uyu wa kabiri nyene , aho yagirijwe n’ibijanye no guhungabanya ubutunzi bw’igihugu hamwe n’itunganywa ribi ry’ubutunzi bw’ibitaro KIRA.Image

Dr SAHABO akaba yarengukishijwe muri parake inyuma y’imisi irenga 45 afungiwe muri bumwe mu busho bw’iperereza ry’uburundi buri mu gisagara ca Bujumbura. Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye akaba yaheruka kumenyesha kuwa 10 Rusama 2022 igihe yariko agirana ikiganiro n’abamenyeshamakuru ko azi neza igifunze umuganga Christophe SAHABO ko azira icaha co gusahura ubutunzi bw’igihugu aho yagiriyeko amenyesha kandi ko ngo iyaba ubutungane bw’uburundi bwakora ico bwategerezwa , umuganga SAHABO aba yaraciriwe urubanza  maze agashirwa mu mvuto.

Naho bitavugirwa hejuru, biravugangwa ko SAHABO yoba ariko azira ko yanse kwemerera bamwe mu bategetsi bakomeye b’igihugu ko bigarurira ubutunzi bw’ivyo bitaro bisanzwe ari ivy’akarero ndetse bikomakomeye mu gihugu c’uburundi. Amasoko yacu akatumenyesha ko uwo muganga igihe yahagarikwa n’abakozi b’iperereza vyari vyoba vyari vyateguwe ko yoca agirirwa nabi kuko  arico babonye akwiriye.

Must Read